12 Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izobagendera.
13 Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose, 14 canke abatware yahaye kumutwarira intara kugira ngo bahane abakora ibibi kandi bashimire abakora ivyiza.