Gushima ukwizera kw’ab’i Tesalonike
2 Twama dushima Imana ku bwanyu, kandi tubasengera ubudahumeka. 3 Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.