23 Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku.) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi. 24 Nakubiswe n’Abayuda incuro zitanu ibimoko mirongo ine ukuyemwo kimwe, 25 nakubiswe inkoni incuro zitatu, rimwe naratewe amabuye, namenekanywe n’ubwato incuro zitatu, namaze umusi n’ijoro mu kiyaga, 26 nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Narahatswe gutwarwa n’inzuzi, narahatswe kugirirwa nabi b’ibisuma, narahatswe kwicwa n’abo mu bwoko bwanje, narahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, narahatswe kwicirwa mu bisagara, narahatswe kwicirwa mu misozi, narahatswe gupfira mu kiyaga, narahatswe kwicwa n’abigira bene Data. 27 Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa. 28 Ikirengeye ivyo, namana umwitwarariko ku bw’amashengero yose. 29 Iyo hagize uwuja mu ntege nke, nanje numva intege nke. Iyo hagize uwusubira mu vyaha numva umubabaro utovugwa.
30 Nimba nokwirata, nzokwirata kubw’ibingaragaza nk’umunyantegenke.