Pular para o conteúdo
Publicidade

2 Petero 3

3 Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi. 4 Bazoba bavuga bati: "Ukwo kugarukayasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa." 5 Ariko biyibagiza ibigirankana ko amajuru yabayeho n’isi ikaremwa ikuwe mu mazi kandi igizwe n’amazi, biremwe n’Ijambo ry’Imana. 6 Mu nyuma, ayo mazi nyene ni yo yarengeye isi y’ico gihe arayihonya. 7 Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uwo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também

2 Pedro
Ver todos os capítulos de 2 Pedro