Kudahagarikwa imitima no kugaruka kwa Yesu
1 Bene Data, ku vyerekeye ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we, 2 turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe, vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete, bibabwira ko umusi w’Umwami wacu wamaze gushika. 3 Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka. 4 Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.