Pular para o conteúdo
Publicidade

Efeso 6

Ukwambara ibigwanisho vy’Imana

10 Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi. 11 Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi. 12 Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru. 13 Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye. 14 Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka, 15 ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro. 16 Icongeye kuri ivyo vyose, mwitwaze inkinzo y’ukwizera, iyo mushobora kuzimisha imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi. 17 Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também