Pular para o conteúdo
Publicidade

Yohana 11

21 Maze Marita abwira Yesu ati: "Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye. 22 Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha."

23 Yesu aramubwira ati: "Musazawe ategerezwa kuzuka."

24 Marita aramwishura ati: "Ndazi ko azozuka ku musi wa nyuma."

25 Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. 26 Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?"

27 Marita aramwishura ati: "Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi."

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também