Pular para o conteúdo
Publicidade

Yohana 20

Yesu yiyereka Mariya Magadalena

11 Ariko Mariya yari ahagaze hanze, hafi y’imva, arira. Akiriko ararira arunama araba mu mva, 12 abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye aho ikiziga ca Yesu cari kiryamye, umwe ahari umutwe, uwundi ahari ibirenge.

13 Baramubaza bati: "Mupfasoni, ni kuki uriko urarira?"

Arabishura ati: "Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize." 14 Ahejeje kuvuga ivyo, arahindukira abona Yesu ahagaze hafi yiwe, ariko ntiyamumenya.

15 Yesu aramubaza ati: "Mupfasoni, ni kuki uriko urarira? Urondera nde?"

Mariya yiyumviriye ko ari umurimyi wo muri iryo tongo, aramubwira ati: "Nyakwubahwa, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize nje kumutora."

16 Yesu aca aramuhamagara ati: "Mariya."

Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: "Rabuni!" (bisigura "Mwigisha").

17 Yesu aramubwira ati: "Ntumfate ngo ungumye, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko navuze ko, Nduze kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ "

18 Mariya Magadalena aca aja aho abigishwa bari bari uwo mwanya ababwira ati: "Nabonye Umwami!" Aca ababwira ivyo Yesu yamubwiye.

Veja também