Pular para o conteúdo
Publicidade

João 20

Yesu yiyereka Toma

24 Toma (uwari azwi ko ari Ihasa), umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, ntiyari kumwe n’abandi bigishwa igihe Yesu yaza. 25 Abandi bigishwa baramubwira bati: "Twabonye Umwami!"

Ariko we ababwira ati: "Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe."

26 Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: "Amahoro abane namwe!" 27 Maze abwira Toma ati: "Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere."

28 Toma aramubwira ati: "Mwami wanje, Mana yanje!"

29 Yesu aramubwira ati: "Wizeye kubera umbonye? Hahiriwe abizera batabanje kubona."

Veja também