Publicidade

João 7

Yesu yigisha ku musi mukuru

14 Umusi mukuru ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha. 15 Abayuda bamwumvise baratangara, barabazanya bati: "Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?"

16 Yesu arabishura ati: "Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye. 17 Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa. 18 Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-