Publicidade

João 8

4 Babaza Yesu bati: "Mwigisha, uwu mugore yafashwe ariko arasambana. 5 Ivyagezwe vya Mose bivuga ko umugore nk’uwu akwiye kwicishwa amabuye. None ubivugako iki?" 6 Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza.

Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi. 7 Ba bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo babandanije bamubaza, aca urunamuka arababwira ati: "Umuntu atagira icaha muri mwebwe nabe ari we aba uwa mbere mu kumutera ibuye." 8 Aca asubira kwunama abandanya yandika hasi.

9 Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwumwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe. 10 Yesu arunamuka aramubaza ati: "Mbega abariko barakwagiriza bagiye he? Nta n’umwe yaguciriye urubanza?"

11 Na we aramwishura ati: "Oya, nyakwubahwa."

Yesu aramubwira ati: "Nanje nta rubanza ndagucira. Niwigire ariko ntugasubire gukora icaha."]

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-