Pular para o conteúdo
Publicidade

Romanos 2

6 Imana "izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze."2:6 Zaburi 62:12; Imigani 24:12 7 Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo. 8 Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi. 9 Ivyago n’imibabaro bizoshika ku muntu wese akora ibibi; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga. 10 Ariko abakora ivyiza, bazohabwa ubwiza, icubahiro n’amahoro biva ku Mana; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga. 11 Kuko Imana idahengama ngo igire abo ikunda n’abo yanka.

Veja também