6 Imana "izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze."2:6 Zaburi 62:12; Imigani 24:12 7 Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo. 8 Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.
Publicidade