Ubuzima buronkerwa muri Mpwemu
1 Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda. 2 Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu. 3 Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri. 4 Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.