Publicidade

Tiago 1

12 Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.

13 Iyo muntu ageragejwe, ntakwiye kuvuga ngo: "Imana iriko irangerageza." Kuko Imana itageragezwa n’ikibi, kandi ntigerageza umuntu n’umwe. 14 Ariko, umuntu wese ageragezwa n’ivyipfuzo vyiwe bibi, hanyuma bikamusunikira mu mutego. 15 Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-