14 Ivyo mwobivuga gute kandi mutazi ingene ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo? Ubuzima bwanyu ni iki? Muri igipfungu kiboneka umwanya muto hanyuma kigakamangana. 15 Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: "Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya."