Graça
A graça de Deus é favor imerecido. Pela graça somos salvos, pela graça vivemos, pela graça somos sustentados. É o dom mais precioso de Deus — dado a quem não merece.
Salvos pela graça
Pela graça sois salvos, mediante a fé, e isto não vem de vós — é dom de Deus. Não por obras, para que ninguém se glorie.
Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana. Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.
Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze, yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ibicumuro vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.
Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana. Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera ko tugororotse mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.
Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’igicumuro ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera igicumuro c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye cane ivyo.
Rero, nk’uko icaha caganje abantu bose kikabashikana ku rupfu, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwashitse ku bantu bose bukabaha kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, maze bigatuma bagira ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo Umwami wacu.
Graça que capacita
A graça me basta, pois o poder se aperfeiçoa na fraqueza. Na graça, não estamos mais sob a lei, mas sob o favor de Deus.
Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.
None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!
Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,
Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,
Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.
Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.
A graça de Deus
O Senhor é compassivo e gracioso, tardio em irar-se e grande em amor. Sua graça é nova a cada manhã.
Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,
ateba kuraka, akagira urukundo rwinshi.
Ni ukuri ukugira neza kwawe n’urukundo rwawe bizonkurikirana
imisi yose y’ukubaho kwanje,
nanje nzoba mu Ngoro y’Uhoraho
ibihe vyose.
Ukugira neza kw’Uhoraho Imana yacu kube kuri twebwe
ukomeze igikorwa c’intoke zacu;
egome, komeza igikorwa c’intoke zacu.
Uhoraho ndagutakambira, bivuye i bwina;
Niwumve ijwi ryanje, ewe Mana.
Utege amatwi
ukwinginga kwanje.
"Uhoraho aguhezagire
kandi akuzigame;
Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe
kandi akugirire ubuntu;
Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe
kandi aguhe amahoro." ’
Ariko Uhoraho aripfuza kubagirira imbabazi;
ku bw’ivyo azohaguruka kugira ngo abereke impuhwe,
kuko Uhoraho ari Imana y’ukugororoka.
Hahiriwe abamwiteze.
Viver pela graça
A graça de nosso Senhor Jesus Cristo esteja convosco. Perdoando e confessando, experimentamos a graça restauradora.
Ubuntu bw’Umwami Yesu bube kuri bose. Amen.
Ubuntu bw’Umwami Yesu Kristo bubane n’impwemu yawe.
Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.
Ariko mbona ko ubuzima bwanje atari ikintu c’agaciro kanini, ico nshaka ni kunonosora urugendo rwanje, no gusozera neza igikorwa Umwami Yesu yampaye co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.
Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.
Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira,
ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.
Hezekiya atumako Abisirayeli bose n’Abayuda, kandi yandikira amakete Abefurayimu n’Abamanase, abaha ubutumire ngo baze mu Ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Umwami n’abaganwa biwe n’ikoraniro ryose bari i Yerusalemu bari biyemeje guhimbaza Pasika mu kwezi kwa kabiri. Ntibari bwashobore kuyihimbaza mu bihe vyategekanijwe kuko ata baherezi bakwiye bari bwarobanurwe, kandi abantu ntibari bwigere bakoranira i Yerusalemu. Iyo nteguro yo guhimbaza Pasika yabonetse ko ari nziza ku mwami no ku bantu bose. Baca bafata ingingo yo gutuma intumwa mu Bwisirayeli hose, uhereye i Berisheba mu bumanuko ugashika i Dani mu buraruko, bahamagara abantu ngo baze i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Ntibari bwayihimbaze ari benshi nk’uko vyari vyaranditswe.
Kw’itegeko ry’umwami, intumwa zikwira hose mu Bwisirayeli n’i Buyuda zitwaye amakete avuye ku mwami no ku baganwa biwe, avuga ngo:
"Yemwe Bisirayeli mwese, nimugaruke k’Uhoraho, Imana ya Aburahamu, na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we abagarukeko mwebwe abasigaye, mutahitanywe n’agatikizo k’abami b’i Ashuri. Ntimube nka ba sogokuruza na benewanyu, babaye ibigaba imbere y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, ari co catumye ibahindura akajoreza nk’uko mubibona. Ntimukomantaze imitima nk’uko ba sogokuruza banyu bayikomantaje; mwumvire Uhoraho. Muze mu Ngoro yiwe, iyo yejeje akayitoranya ibihe bidashira. Mukorere Uhoraho Imana yanyu, kugira ngo uburake bwiwe bw’inkazi bubaveko. Nimwahindukirira Uhoraho, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababajanye nk’inyagano maze bagaruke muri iki gihugu, kuko Uhoraho Imana yanyu ari inyembabazi kandi igira ikigongwe cinshi. Nimwamuhindukirira, ntazobakurako inyonga ziwe."
Za ntumwa ziragenda, ziva mu gisagara zija mu kindi, mu Befurayimu no mu Bamanase, gushika mu Bazebuloni; ariko abantu baritwengera, barabakengera. Yamara abantu bamwe bo mu Basheri, Abamanase n’Abazebuloni bicisha bugufi baja i Yerusalemu. No mu Buyuda, ukuboko kw’Imana kuba ku bantu baho, abaha kugira umutima umwe wo gukora ivyo umwami n’abaganwa biwe bari bategetse, bivuye mw’ijambo ry’Uhoraho.
Nuko mu kwezi kwa kabiri, abantu benshi bakoranira i Yerusalemu ngo bahimbaze Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. Bakuraho ibicaniro vyari i Yerusalemu, basambura n’ibicaniro batangirako ibimota neza, babita mu mwonga wa Kidironi.
Maze ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa kabiri, bakerera umwagazi wa Pasika. Abaherezi n’Abalewi bari buzuye ibimaramare, baca barihumanura maze bazana ibimazi vyo guturirwa mu Ngoro y’Uhoraho. Maze baca baja mu bibanza vyabo nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana. Abaherezi bamija ku gicaniro amaraso baherejwe n’Abalewi. Kubera ko mw’ikoraniro harimwo abantu benshi batari bihumanuye, Abalewi ni bo bahavuye bakerera imyagazi y’intama ya Pasika y’abantu bose bari bahumanye, kuko batashobora gushikiriza iyo myagazi yabo Uhoraho. Kandi naho abantu benshi mu bari bavuye mu Befurayimu, mu Bamanase, mu Bisakari no mu Bazebuloni batari bihumanuye, barariye Pasika, banyuranya n’uko vyanditswe. Ariko, Hezekiya arabasengera, avuga ati: "Icompa Uhoraho, kuko ari mwiza, akababarira umuntu wese yashize umutima wiwe ku kurondera Uhoraho, Imana ya ba sekuruza naho ahumanye ku bw’amategeko y’Ahera." Maze Uhoraho yumva ugusenga kwa Hezekiya, akiza abantu.
Abisirayeli bari i Yerusalemu bahimbaza Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, bamara imisi indwi banezerewe cane, mu gihe Abalewi n’abaherezi baguma bararirimbira Uhoraho ku musi ku musi, bakoresheje ibicurarangisho bisamirana, vyeguriwe Uhoraho.
Hezekiya avuga amajambo yo gutera intege Abalewi bose bari berekanye ko batahura neza igikorwa c’Imana. Muri iyo misi indwi bariye umugabane wabo batanga n’ibimazi vy’ishimwe barongera bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
Maze ikoraniro ryose rica ryemeranya kwongerako iyindi misi indwi, bayimara bahimbaza Imana kandi banezerewe. Hezekiya umwami w’i Buyuda ategura amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi indwi ku bw’iryo koraniro, n’abaganwa na bo batanga amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi cumi. Igitigiri kinini c’abaherezi barihumanura. Ikoraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, hamwe n’abaherezi n’Abalewi n’abari bakoraniye hamwe na bo bavuye mu Bisirayeli, harimwo n’abanyamahanga bari baje bava mu Bwisirayeli n’ababa i Buyuda. Hari umunezero mwinshi cane i Yerusalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli hatari bwabe ikintu nk’ico i Yerusalemu. Abaherezi n’Abalewi barahaguruka ngo bahezagire abantu, maze Imana irabumva, kuko isengesho ryabo ryashitse mw’ijuru, ahera hayo, aho iba.