Paz
A paz é um dos frutos do Espírito e uma promessa central de Jesus: 'Deixo-vos a paz, a minha paz vos dou.' A Bíblia nos chama a buscar, cultivar e viver na paz de Deus.
A paz de Cristo
Jesus é o Príncipe da Paz. Antes de partir, prometeu aos discípulos uma paz que o mundo não pode dar nem tirar — paz sobrenatural em meio às tribulações.
Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.
Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.
Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."
Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."
Kuko umwana avutse ku neza yacu,
duhawe umwana w’umuhungu,
ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe.
Azokwitwa Umujenama w’igitangaza,
Imana ikomeye,
Data ahoraho, Umwami w’amahoro.
Bakiriko barababwira ivyabaye, Yesu araza ahagarara hagati muri bo, arababwira ati: "Amahoro abane namwe!"
Paz com Deus
Justificados pela fé, temos paz com Deus por meio de Cristo. Ele é a nossa paz, que derrubou a barreira e nos reconciliou.
Ni co gituma, kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.
Kuko ni we mahoro yacu, we yakuyeho amacakubiri yari hagati y’Abayuda n’Abanyamahanga akabagira ihanga rimwe akuyeho igihome c’ubwansi cadutandukanya. Yabikoze mu gukuraho ibikorwa vyose vyisunga amategeko n’amabwirizwa, abikuzaho umubiri wiwe. Intumbero kwari kugira ngo yiremere ubwoko bushasha akuye mu Bayuda no mu Banyamahanga, gutyo azane impore hagati yacu.
kandi biciye muri we yiyujuje n’ibintu vyose, vyaba ibiri kw’isi canke ibiri mw’ijuru; izanishije amahoro amaraso yiwe, ayo yaviriye ku musaraba.
Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe:
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.
A paz que excede o entendimento
A paz de Deus, que excede todo entendimento, guarda nosso coração e mente. Ela vem da confiança no Senhor e da entrega total a Ele.
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka. Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.
Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.
Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.
Uzozigamira mu mahoro yuzuye
abo bose bashira ivyiyumviro vyabo kuri wewe,
kuko bakwizigiye!
Uzozigamira mu mahoro yuzuye
abo bose bashira ivyiyumviro vyabo kuri wewe,
kuko bakwizigiye!
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.
Promotores da paz
Bem-aventurados os pacificadores, porque serão chamados filhos de Deus. A Escritura nos chama a buscar e promover a paz em todos os relacionamentos.
Hahiriwe abaharanira amahoro,
kuko bazokwitwa abana b’Imana.
Hahiriwe abaharanira amahoro,
kuko bazokwitwa abana b’Imana.
Nimba bishoboka, igihe cose vyoba biva kuri mwebwe, mubane amahoro n’abantu bose.
None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu.
Kuko igihambaye mu Bwami bw’Imana si ukurya no kunywa, ahubwo ni ubuzima bugororotse, amahoro n’umunezero bitangwa na Mpwemu Yera.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
Kuko:
"Umuntu wese ashaka ubugingo
no kubona imisi myiza,
narinde ururimi rwiwe kuvuga ikibi,
n’iminwa yiwe kuvuga ibinyoma.
Yitandukanye n’ikibi akore ivyiza,
arondere amahoro kandi ayakurikirane.
Yitandukanye n’ikibi akore ivyiza,
arondere amahoro kandi ayakurikirane.
Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;
rondera amahoro uyakurikire.
Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;
rondera amahoro uyakurikire.
O fruto da paz
A sabedoria que vem do alto é pacífica. O fruto da justiça se semeia em paz por aqueles que cultivam a paz com mansidão.
Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.
Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.
Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.
Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,
Inkurikizi y’ubwo bugororotsi izoba amahoro,
bizotuma haba ugutekana n’ukwizerana ibihe vyose.
Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.
Paz interior e descanso
Aquietai-vos e sabei que Eu sou Deus. A paz do Senhor acalma tempestades, silencia medos e sustenta a alma em todo tempo.
Uhoraho aravuga ati: "Nimutekereze, mumenye ko ndi Imana;
nzoshirwa hejuru mu mahanga yose,
nzoshirwa hejuru mw’isi."
Nzoryama mu mahoro nsinzire,
kuko wewe wenyene, Uhoraho,
ari wewe umpa kuba mu mutekano.
Uhoraho aha abantu biwe inkomezi;
Uhoraho aha abantu biwe umugisha w’amahoro.
Ariko abaciye bugufi bazoragwa isi
banezerererwe amahoro n’ukugubwa neza.
Witegereze uwutagira umugayo, urabe uwutunganye;
kazoza keza karindiriye abarondera amahoro.
Abakunda Ivyagezwe vyawe bafise amahoro menshi,
kandi ntagishobora kubatsitaza.
Abakunda Ivyagezwe vyawe bafise amahoro menshi,
kandi ntagishobora kubatsitaza.
Jewe nshaka amahoro;
ariko iyo mvuze, bo bashaka intambara.
Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: "Hora, tekereza!" Wa muyaga uca urahagarara, haba agahwekere.
Yesu aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe."
Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Mugire uburyohe nka kurya kw’umunyu muri mwebwe kandi mubane amahoro."
Anunciadores da paz
Como são formosos os pés dos que anunciam boas novas de paz! O evangelho é a mensagem de paz para todos os povos.
Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!"
Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye inkuru nziza
ari vyiza ku misozi
bakamamaza ivy’amahoro,
bakazana inkuru nziza
bakamamaza ivy’agakiza,
bakabwira Siyoni bati:
"Imana yawe iraganje!"
"Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi,
kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara."
"Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!"
"Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!"
Ehe ku mpinga z’imisozi,
hari ibirenge vy’abazanye inkuru nziza,
bazanye inkuru z’amahoro!
Gira imisi mikuru yawe, yewe Yuda,
ushitse n’ivyo wasezeranye.
Nta banyakibi bazosubira kugutera;
kuko bazorandurwa baherengetere.
ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro.
O Deus da paz
Que o Deus da paz esteja com todos vocês. Ele nos santifica por completo e nos guarda irrepreensíveis para a vinda do Senhor.
Imana, yo itanga amahoro, ibane namwe mwese. Amen.
Umwami w’amahoro we ubwiwe abahe amahoro ibihe vyose no mu buryo bwose. Umwami abane namwe.
Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,
kuko Imana yacu atari Imana y’akajagari, ariko ari Imana y’amahoro, nk’uko bigenda mu mashengero yose y’abera.
"Uhoraho aguhezagire
kandi akuzigame;
Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe
kandi akugirire ubuntu;
Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe
kandi aguhe amahoro." ’
Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.
Ariko, nzohazana amagara meza n’ugukiza; nzokiza abantu banje kandi nzobaha kunezererwa amahoro y’umusesekara n’umutekano mwinshi.
Abana bawe bose bazokwigishwa n’Uhoraho,
kandi bazogira amahoro asesekaye.
Namwe muzovanayo umunezero,
murongowe mu mahoro;
imisozi n’imitumba
bizoturika bibaririmbire,
n’ibiti vyo ku misozi
bibakomere amashi.
"Nta mahoro ku munyakibi," ni ko Imana yanje ivuze.
Paz, santidade e unidade
A paz exige esforço: guardar a unidade do Espírito, evitar contendas e buscar a santidade. Sem paz e santidade, ninguém verá o Senhor.
Mugire ishaka ryo kuzigama ubumwe bwo muri Mpwemu kandi mufatanywe n’umugozi w’amahoro.
Mugire ishaka ryo kuzigama ubumwe bwo muri Mpwemu kandi mufatanywe n’umugozi w’amahoro.
Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanye n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.
Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.
Iyo Uhoraho anezererewe inzira z’umuntu,
amuha no kubana neza n’abansi biwe.
Uwitonda aruta intwari ku rugamba,
kandi uwuganza ishavu ryiwe aruta uwigarurira igisagara.
Uwirinda ibihari aba yihesheje icubahiro,
ariko igipfu cihutira gutongana.
Amahoro n’imbabazi bibane n’abagendera iyo ngingo, kandi bibe no kuri Isirayeli y’Imana.
Imbabazi, amahoro n’urukundo bibe muri mwebwe bigwiriye.
Paz e fé
O Deus da esperança nos encha de paz e alegria no crer. Quem mantém o pensamento firme no Senhor experimenta paz perfeita.
Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.
Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro.
Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro.
aho baciye bahasiga imisaka n’ubworo,
kandi ntibigeze bamenya inzira z’amahoro.
Nta gutinya Imana kuri muri bo."
Yesu aca abarira wa mugore ati: "Ukwizera kwawe gutumye uronka agakiza, igire amahoro."
Igihe cose mwinjiye mu nzu y’umuntu, muzobanze muramutse muti: ‘Amahoro abe muri iyi nzu.’
Abonye ko adashobora kumugwanya, aca arungika intumwa ku wumuteye akiri kure, kugira ngo bamubaze ivyotuma babana amahoro.
Niyaba ibikwiye, umuhezagiro wanyu uzoguma kuri yo; niyaba itabikwiye, umuhezagiro wanyu uzobagarukako.
Ntimwiyumvire ko naje ngo nzane amahoro kw’isi! Haba na mba! Sinazanye amahoro, ahubwo nazanye intambara;
Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.
kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima
n’abari mu gitutu c’urupfu,
wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro."
Ariko wewe uzoramba wipfire ushaje kandi mu mahoro, uhamvye ba sogokuruza.
igihe co gukunda n’igihe co kwanka,
igihe c’intambara n’igihe c’amahoro.
Ntibazi inzira z’amahoro;
nta butungane buba mu nzira bacamwo.
Inzira zabo barazigoramika;
abazicamwo ntibigera bagira amahoro.
Ibinyoma vyiwe bizotuma ashishikara kuja imbere, bitume yishira hejuru; kandi azokwica abantu benshi giturumbuka yongere agwanye Umwami w’abami, mu nyuma azovunagurwa, ariko bitavuye ku nkomezi z’umuntu.
Igihe intara zitunze cane zizoba zibereyeho ata co zinona, azozitera ashitse ivyo ba se canke ba sekuru batigeze bakora. Azofata ubutunzi yasahuye, abugabanganye abamushigikiye. Azogira imigabo yo gusenyura ahari ubwihisho bukomeye, ariko ivyo bizomara igihe gito.
Ibirandura umutima nivyaza,
bazorondera amahoro batari buyaronke.
ni bo bavugishwa b’ibinyoma ba Isirayeli bavugishwa ibinyoma i Yerusalemu, bakerekwa ivy’amahoro kuri ho kandi ata yariho, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze.’
"Isezerano ryanje ryari kuri we, kandi ryari isezerano rizana ubuzima bwiza n’amahoro, iryo ni ryo nabahaye; naribahaye kugira ngo banyubahe, ngire igitinyiro kuri bo, kandi baranyubaha cane bagahindira agashitsi izina ryanje.
Ariko umugabo atizera canke umugore atizera agomvye kuvana n’uwo bubakanye yizera, amureke yigire. Muri ico gihe uwo mugabo canke uwo umugore yizera ntaba akibohewe kuri uwo bubakanye atizera, kuko Imana yaduhamagariye kuba mu mahoro.
Haca haza iyindi farasi itukura. Uwayigenderako aca ahabwa ububasha bwo gukura amahoro kw’isi, no gutuma abantu bicana. Aca ahabwa inkota nini.