Publicidade

Salmos 29

Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Nimwubahe Uhoraho, yemwe ngabo zo mw’ijuru,

mwubahe Imana kubera ubwiza bwayo n’inkomezi zayo.

2 Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryayo;

musenge Imana mu cubahiro c’ukwera kwayo.

3 Ijwi ryUhoraho ryumvikanira ku mazi menshi;

Imana y’ubwiza iraturagaye,

Imana ituragariye ku mazi menshi y’inkomezi.

4 Ijwi ryUhoraho riri n’inkomezi;

ijwi ryUhoraho riri n’icubahiro.

5 Ijwi ryUhoraho rivunagura amasederi;

Uhoraho ahindura ubunywenywe amasederi y’i Libani.

6 Atuma Libani hikina amatavu nk’inyana,

Siriyoni hakikina amatavu nk’inyana y’imbogo.

7 Ijwi ryUhoraho rirekura

ibikeke vy’imiravyo.

8 Ijwi ryUhoraho rinyiganyiza ubugaragwa;

Uhoraho anyiganyiza ubugaragwa bw’i Kadeshi.

9 Ijwi ryUhoraho rinyiganyiza ibiti bininibinini

rikambika ubusa amashamba.

Kandi mu Ngoro yiwe vyose bisemerera biti: "Ishimwe!"

10 Uhoraho avyagiye ku mwuzure;

Uhoraho avyagiye nk’Umwami ibihe bidashira.

11 Uhoraho aha abantu biwe inkomezi;

Uhoraho aha abantu biwe umugisha w’amahoro.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-