Publicidade

1 Coríntios 1

13 Mbega Kristo agabuwemwo ibice? Mbega Pawulo yarababambiwe? Mbega mwabatijwe mw’izina rya Pawulo? 14 Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo, 15 nta n’umwe rero ashobora kuvuga ko yabatijwe mw’izina ryanje. 16 (Egome narabatije n’abo mu muryago wa Setefana, ariko atari abo, sinibuka ko hari uwundi muntu n’umwe noba narabatije.) 17 Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-