Guhiganirwa impera
24 Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari. 25 Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho. 26 Nuko rero siniruka nk’uwutagira intumbero, canke uwugwana akubita ingumu ahusha uwo bagwana. 27 Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, nkabura impera.