Publicidade

Apocalipse 22

Edeni hasubira kubaho

1 Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iyUmwagazi w’Intama, 2 rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga. 3 Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iyUmwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga. 4 Bazobona mu nyonga hayo, kandi izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo. 5 Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-