Ukugira kamere ka Kristo
1 Nimba hari ukuremeshwa muronkeshwa no kuba muri Kristo, nimba hari ukwirurwa kuva mu rukundo rwiwe, nimba hari ugufatanya hagati yanyu kuva muri Mpwemu, nimba hari ubugwaneza n’impuhwe hagati yanyu, 2 nimwuzuze umunezero wanje mu kugira umutima umwe n’urukundo rumwe, muhuje umutima n’inama mu vyiyumviro no mu ntumbero.