24 Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo. 25 Yahisemwo kubabazanywa n’ubwoko bw’Imana abirutisha kunezerererwa ibihimbaro vy’icaha vy’akanya gato. 26 Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza.