Pular para o conteúdo
Publicidade

Yohana 1

45 Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: "Twabonye umwe Mose yavugako mu Vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu."

46 Natanayeli aramubaza ati: "Hari iciza cova i Nazareti?"

Filipo aramwishura ati: "Ingo uvyirabire."

47 Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: "Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri agororotse mu mutima."

48 Natanayeli aca amubaza ati: "Wamenye gute?"

Yesu aramwishura ati: "Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona."

49 Natanayeli aca aravuga ati: "Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli."

50 Yesu aramwishura ati: "Wizeye kubera nakubwiye ko nakubonye igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibihambaye kurusha ivyo." 51 Yongerako ati: "Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu."

Veja também