2 Uwinjira aciye mw’irembo ni we mwungere w’intama. 3 Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa. 4 Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.