Pular para o conteúdo
Publicidade

João 12

Yesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami

12 Ku musi ukurikira, abantu isinzi bari baje mu misi mikuru ya Pasika bumva ko Yesu ari mu nzira aja i Yerusalemu. 13 Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati:

"Hozana!"12:13 Ni ijambo ry’Igiheburayo risigura ngo "Dukize!" Ariko ryahavuye rikoreshwa mu gushimagiza Imana.

"Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!"12:13 Zaburi 118:25,26

"Hahezagirwe umwami wa Isirayeli."

14 Nuko Yesu afata indogoba ayicarako, gutyo aba ashikije Ivyanditswe bivuga ngo:

15 "Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni;

raba, umwami wawe araje,

yicaye ku nyana y’indogoba."12:15 Zakariya 9:9

16 Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.

17 Isinzi ry’abantu bari kumwe na Yesu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye, babandanije bakwiza inkuru y’ivyo babonye. 18 Ni co gituma abantu benshi barondera iyo ari. Bari bumvise ko yakoze ico gitangaza. 19 Nuko Abafarisayo baravugana bati: "Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!"

Veja também