Yesu yoza ibirenge vy’abigishwa
1 Buca bagira umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se gishitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.
2 Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu. 3 Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo. 4 Nuko arahaguruka ava ku meza, akura umutamana wiwe, afata igitambara co kwihanaguza aragikenyera. 5 Ahejeje, afata amazi ayasuka mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe, abihanaguza ca gitambara yakenyera.
6 Ashikiriye Simoni Petero, Petero aramubwira ati: "Mwami, ni wewe ugira unyoze ibirenge!"
7 Yesu aramwishura ati: "Ntushobora gutahura ico ndiko ndakora ubu nyene, ariko uzogitahura hanyuma."
8 Petero aramubwira ati: "Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!"
Yesu aramwishura ati: "Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko."
9 Simoni Petero na we ati: "Mwami, nimba ari uko rero ntunyoze ibirenge gusa, unyoze n’ibiganza n’umutwe na vyo."
10 Yesu aramwishura ati: "Uwumaze kwoga umubiri wose, aba akeneye kwoga ibirenge gusa, kuko umubiri wiwe wose uba usukuye. Mwebwe muratunganye naho atari mwese." 11 Yesu yari azi uwugiye kumugurisha, ni co gituma yavuze ko batari batunganye bose.
12 Ahejeje kuboza ibirenge, aca yambara wa mutamana wiwe asubira mu cicaro ciwe. Arababaza ati: "Muratahuye ico ndabakoreye? 13 Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri. 14 Nimba jewe, Umwigisha wanyu n’Umwami wanyu, ndabogeje ibirenge, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. 15 Ndaberetse akarorero kugira ngo namwe mukore nk’uko nabakoreye. 16 Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye. 17 Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa nimwabishira mu ngiro.