23 Bahejeje kubamba Yesu, abasoda bafata impuzu ziwe bazigaburamwo kune, umusoda wese atwara umuce, basigaza ikanzu yiwe. Iyo kanzu ntiyagira umubaririro, yari igizwe n’igitambara kimwe kuva hejuru gushika hasi.
24 Baravugana bati: "Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira."
Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo:
"Bagabuye impuzu zanje,
bapfindira umutamana wanje."
Ivyo ni vyo abasoda bakoze.
25 Hafi y’umusaraba wa Yesu, hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalena. 26 Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: "Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe," 27 abwira wa mwigishwa ati: "Ng’uwo umuvyeyi wawe." Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe.