Pular para o conteúdo
Publicidade

João 2

Yesu ahindura amazi umuvinyu

1 Haciye imisi ibiri, haba ubukwe ahantu hitwa Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari. 2 Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe. 3 Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: "Nta muvinyu basigaranye."

4 Yesu aramwishura ati: "Muvyeyi, kuki ugomba kunshira muri ivyo bintu? Igihe canje ntikirashika."

5 Ariko Mariya abwira abakozi ati: "Ico ababwira cose mugikore."

6 Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kwuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.2:6 Ni nk’amalitiro 115

7 Yesu abwira abakozi ati: "Nimwuzuze izo mpange amazi." Nuko barazuzuza gushika ku mbiga.

8 Maze arababwira ati: "Nimudaheko mushire umuteretsi."

Na bo babikora nk’uko ababwiye. 9 Nuko wa muteretsi yumvirije ayo mazi yahindutse umuvinyu. Ntiyari azi uko vyagenze, ariko abakozi bayadashe bo bari babizi, aca ahamagara umukwe, 10 amubwira ati: "Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!"

11 Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.

Veja também