Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga
1 Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Nguku uko vyagenze: 2 Simoni Petero, Toma (uwari azwi ko ari Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe. 3 Simoni Petero arababwira ati: "Jewe ngiye kuroba." Na bo baramubwira bati: "Turajana." Nuko baragenda baja mu bwato, ariko ntibaroba ifi n’imwe iryo ijoro.
4 Kare mu gitondo, Yesu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, ariko ba bigishwa ntibashobora kumenya uwo ari we.
5 Arabahamagara ati: "Bagenzi, nta fi mufise?"
Na bo bati: "Oya!"
6 Arababwira ati: "Nimuterere urusenga ku ruhande rw’i buryo bw’ubwato, muraronka." Nuko baterera urusenga, maze ntibashobora kurukwega kubera ifi zari nyinshi.
7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: "Ni Umwami!" Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye), asimbira mu mazi. 8 Abandi bigishwa bagumye mu bwato bakwegera rwa rusenga rwuzuye ifi ku nkengera, kuko bari nko ku ntambuko ijana21:8 Ni nk’imetero 90.. 9 Bururutse ubwato babona umuriro w’amakara wokejeko ifi, babona n’imikate.
10 Yesu arababwira ati: "Nimuzane zimwe muri izo muhejeje kuroba." 11 Nuko Simoni Petero asubira mu bwato akwegera ku nkengera y’ikiyaga rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Ariko naho zari nyinshi, urusenga ntirwatabutse.