53 Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, nimutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe. 54 Ariko umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje afise ubugingo budashira, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma. 55 Kuko umubiri wanje ni ico co kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico cokunywa c’ukuri. 56 Umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma muri jewe nanje nkaguma muri we. 57 Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje. 58 Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira."
Publicidade