3 Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: "Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora. 4 Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!" 5 Mu bisanzwe, na bene nyina na bo ntibamwizera.