Yesu akiza umuntu yavutse ari impumyi
1 Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi. 2 Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?"
3 Yesu arabishura ati: "Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we. 4 Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora. 5 Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi."
6 Ahejeje kuvuga ayo majambo, acira amate hasi, avuruga utwondo akoresheje ayo mate; adusiga ku maso ya wa muntu. 7 Aramubwira ati: "Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu" (Silowamu bisigura Uwatumwe). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.