Pular para o conteúdo
Publicidade

Romanos 1

22 Bavuga ko bafise ubwenge, ariko ni ibipfu. 23 Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iyibikwega inda hasi.

24 Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo. 25 Ukuri kwerekeye Imana bagukavye ikinyoma, basenga ivyaremwe baranabikorera mu kibanza c’Umuremyi, we abereye gushimwa ibihe vyose! Amen.

26 Ivyo ni vyo vyatumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza. Mbere n’abagore babo bataye ibanga ry’abubatse nk’uko Imana yaritegekanije, biyononesha gukoresha imibiri yabo mu buryo bunyuranye n’ubwo yaremewe. 27 N’abagabo na bo bahevye kuryamana n’abagore babo nk’uko Imana yabitegekanije, biyononesha kwipfuzanya hagati yabo. Abagabo bakoranye n’abandi bagabo ibiteye isoni, hanyuma bahabwa igihano gikwiranye n’ubuzimire bwabo.

Veja também