5 No ku vyerekeye imisi, hari uwiyumvira ko hari umusi wejejwe kuruta iyindi, uwundi akiyumvira ko yose ingana ku bijanye no gusenga Imana. Umuntu wese akwiye kumenya neza ivyo yizera ku giti ciwe. 6 Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira.
Publicidade