8 Ariko Nawomi abwira abakazana biwe ati: "Nimwisubirire inyuma, umwe wese aje mu nzu kwa nyina. Uhoraho aze abagirire neza nk’uko mwatugiriye twe n’abahisi. 9 Uhoraho aze abahe impore mu ngo muzoja kwubakamwo."
Nuko arabagumbira arabasezera, bose bararira cane, 10 baca baramubwira bati: "Turajana nawe mu bwoko bw’iwanyu."
11 Ariko Nawomi arababwira ati: "Nimwisubirire iwanyu, bakobwa banje. Ni igiki cotuma mujana nanje? Mbega nzosubira kuvyara abandi bahungu, ngo bababere abagabo? 12 Nimwitahire iwanyu, bakobwa banje; kuko ndashaje cane nta mugabo wundi nkironka. Naho nokwiyumvira ko ngifise ibindi vyizigiro vyo kuronka umugabo iri joro nyene nkavyara abahungu, 13 mbega mwobarindira gushika bakuze? Mworeka kurongorwa mubarindiriye? Oya ntivyokunda, bakobwa banje. Ivyanje ni umururazi kurusha ivyanyu, kuko Uhoraho ubwiwe yambanguriye ukuboko kwiwe!"
14 Bumvise ivyo bongera kurira cane. Maze Orupa agumbira inabukwe aramusezera, ariko Rusi amwumirako.