14 Abagore babwira Nawomi bati: "Uhoraho ahimbazwe, atakuretse ngo ubure uwo kugucungura uwu musi. Izina ry’uwu mwana rize ribe rurangiranwa muri Isirayeli! 15 Azotuma ubuzima bwawe butotahara kandi agushigikire ugeze mu zabukuru. Kuko umukazana wawe, umwe agukunda kandi akurutira abahungu indwi, ari we yamuvyaye."