Publicidade

1 Coríntios 11

24 awushimira Imana, arawumanyura, avuga ati: "Uwu ni umubiri wanje utanzwe ku bwanyu. Muzohore mukora gutya munyibuka." 25 Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: "Iki gikombe ni isezerano rishasha ritangujwe n’amaraso yanje. Muzohore mukora gutya, igihe cose mukinywereyeko, mubikore munyibuka." 26 Kuko igihe cose muzorya uwu mukate mukanywera no kuri iki gikombe, muzoba muriko muramenyekanisha urupfu rwanje gushika aho nzogarukira.

27 Ni co gituma uwurya umukate akanywa no ku gikombe uko bitabereye aba acumuye ku mubiri n’amaraso vy’Umwami. 28 Umuntu wese akwiye kwisuzuma imbere yo kurya uwo mukate no kunywera kuri ico gikombe.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-