14 Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu. 15 Abantu bafise Mpwemu Yera basesangura vyose ariko bo nta wusesangura ivyabo, 16 kuko handitswe ngo:
"Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho
kugira ngo amugire inama?"2:16 Yesaya 40:13
Ariko tweho turabitahura kuko dufise ivyiyumviro vya Kristo.