Uko bikwiye kugenda mu gihe co guhimbaza Imana
1 Ndakugira inama rero, imbere ya vyose, gusabira abantu bose, kubasengera, kubigingira wongera ushimira Imana ku bwa bo. 2 Usengere abami n’abari mu bibanza vyo gutegeka bose kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose. 3 Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana umukiza wacu,