9 Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.
10 Nca numva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti:
"Noneho agakiza, ububasha
n’Ubwami vy’Imana yacu,
n’ubushobozi bwa Kristo wayo vyashitse.
Kuko umurezi wa bene Data,
uwabarega imbere y’Imana yacu ijoro n’umurango
yakororewe hasi.