Publicidade

Apocalipse 19

Indirimbo z’intsinzi mw’ijuru

1 Inyuma y’ivyo nca numva amajwi asamirana mw’ijuru ameze nk’ayabantu amasinzi n’amasinzi, asemerera ati:

"Haleluya!

Agakiza, icubahiro n’ubushobozi, ni ivy’Imana yacu,

2 kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse.

Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye,

umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe.

Yaramwihoye kubera amaraso y’abakozi bayo yasheshe."

3 Bongera barasemerera bati:

"Haleluya!

Umwotsi uva muri ca gisagara wama uduga ibihe vyose."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-