11 Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse. 12 Amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro kandi yari afise ingori nyinshi ku mutwe. Yari afise izina rimwanditseko kandi nta n’umwe ashobora kuritahura atari we nyene. 13 Yari yambaye ikanzu yinitswe mu maraso, kandi izina ryiwe ni Jambo w’Imana. 14 Ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu zera zikayangana. 15 Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. "Azoganzisha amahanga umukazo." Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato. 16 Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo:
Umwami w’abami, Uwuganza abatware.