Ivy’ifarasi yera n’uwayigenderako
11 Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse. 12 Amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro kandi yari afise ingori nyinshi ku mutwe. Yari afise izina rimwanditseko kandi nta n’umwe ashobora kuritahura atari we nyene. 13 Yari yambaye ikanzu yinitswe mu maraso, kandi izina ryiwe ni Jambo w’Imana. 14 Ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu zera zikayangana. 15 Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. "Azoganzisha amahanga umukazo."19:15 Zaburi 2:9 Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato. 16 Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo:
Umwami w’abami, Uwuganza abatware.
17 Nongera mbona umumarayika yari ahagaze mu zuba, asemerera n’ijwi rirenga abwira ibisiga biguruka mu kirere ati: "Nimuze, mukoranire ku mazimano ahambaye y’Imana, 18 kugira ngo murye inyama z’abami, abagabisha b’ingabo, abahambaye, amafarasi n’abayagenderako, n’inyama z’abantu bose, abagurano n’abidegemvya, abakuru n’abato."
19 Nca mbona ca gikoko, mbona n’abami bo mw’isi bose n’ingabo zabo bakoraniye kugwanya umwe agendera kw’ifarasi n’ingabo ziwe. 20 Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro. 21 Za ngabo zose zica zicishwa ya nkota ikarishe yava mu kanwa k’uwugendera kuri ya farasi yera, maze ibisiga vyo mu kirere vyose bica birya inyama zabo.