11 "Abaganwa b’umwami n’abantu bose bo mu ntara z’umwami barazi ko umuntu wese yaba umugabo canke umugore yokwegera aho umwami ari atamutumyeko, ko hari icagezwe kimwe gusa: ko uwo muntu akwiye kwicwa. Kiretse umwami amutumberejeko inkoni yiwe y’inzahabu, kugira ngo akize ubuzima bwiwe. Kandi ubu haciye imisi mirongo itatu umwami atantumyeko."