Bahimbaza umusi mukuru wa Purimu
20 Moridekayi yandika ivyo vyabaye, kandi arungika amakete ku Bayuda bose bari mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi, aba hafi n’aba kure, 21 ngo baze bame bahimbaza uko umwaka utashe imisi ya cumi na kane na cumi na gatanu y’ukwezi kwa Adari 22 nk’igihe Abayuda bivuna abansi babo, kandi nk’ukwezi umubabaro wabo wahindutsemwo umunezero, ukugandara kwabo kugahindukamwo umusi wo guhimbaza. Abandikira ngo baze bafate iyo misi nk’imisi mikuru y’umunezero no guhanahana ingabire z’ivyokurya n’ingabire ku bakene.
23 Nuko Abayuda baravyemera ko bazoshishikara ukwo kwiginana bari batanguye, bagakora ivyo Moridekayi yabandikiye. 24 Kuko Hamani mwene Hamedata Umwagagi, umwansi w’Abayuda, yari yagiye inama yo kwica Abayuda akagira ubupfindo bita puri kugira ngo abaherengeteze abamare kuri iryo genekerezo. 25 Ariko bimaze gushika imbere y’umwami, arungika amategeko yanditse kugira ngo izo nama mbi Hamani yari yagiriye Abayuda zisubire ku mutwe wiwe ubwiwe, kandi ngo abahungu biwe bamanikwe ku biti. 26 Nuko iyo misi yitwa Purimu, ijambo rivuye mw’ijambo puri. Kubera ikintu cose canditswe muri iryo kete no kubera ko bari babonye ivyababayeko, 27 Abayuda bashiraho umugenzo kugira ngo bo bo ubwabo n’abazobakomokako n’abazokwifatanya na bo bose baze bahimbaze iyo misi ibiri uko umwaka uheze, nk’uko vyategekanijwe no mu gihe cashinzwe. 28 Iyo misi ize yibukwe guhimbazwa uko urunganwe ruzogenda rukurakuranwa n’urundi no mu miryango yose, mu ntara zose no mu bisagara vyose. Abayuda ntibaze bigere bibagira guhimbaza iyo misi ya Purimu, canke ngo uruvyaro rwabo ruyibagire.
29 Nuko umwamikazi Esiteri, umukobwa wa Abihayili, hamwe na Moridekayi Umuyuda, barandika, bakoresheje ububasha bwose, ngo bemeze iryo kete rya kabiri ryerekeye Purimu. 30 Kandi Moridekayi arungikira amakete Abayuda bose bo mu ntara ijana na mirongo ibiri n’indwi z’ubwami bwa Ahasuwerusi, arimwo amajambo yo kubipfuriza ivyiza no kubaremesha. 31 Ayo makete yari ayo kwemeza iyo misi ya Purimu n’ibihe yashingiwe, nk’uko Moridekayi Umuyuda na Esiteri umwamikazi bari babishinze, bakayemeza ku bwabo no ku bw’uruvyaro rwabo, bibuka ibihe vyo kwisonzesha no gukoma induru baboroga. 32 Itegeko rya Esiteri ryemeza ivyo vyashinzwe vyerekeye Purimu, kandi vyandikwa mu bitabu vy’ibigenda biraba.