4 Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose. 5 "Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,"3:5 Guharura 12:7 kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza. 6 Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.