6 Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.
7 Iyo isezerano rya mbere rija kuba ritagira amahinyu, nta sezerano rya kabiri ryo kurisubirira ryari rikenewe. 8 Ariko Imana yasanze hari ico igaya abantu bayo, maze ivuga iti:
"Igihe kiraje," ni ko Uhoraho avuze,
"aho nzogirana isezerano rishasha
n’inzu ya Isirayeli
hamwe n’inzu ya Yuda.
9 Ntirizoba risa na rya sezerano
nagirana na ba sekuruza babo,
aho nabafata ukuboko
nkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa,
kuko ntibagumanye ubwizigirwa mw’isezerano ryanje,
nuko nanje nca ndabakurako umutima,
ni ko Uhoraho avuze.
10 Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli
inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze.
Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo,
ndavyandike mu mitima yabo.
Nzoba Imana yabo,
na bo babe abantu banje.
11 Ntibazosubira kwigisha ababanyi babo,
canke ngo babwirane hagati yabo bati:
‘Menya Uhoraho,’
kuko bose bazomenya jewe,
kuva kuri muto muri bo kugeza ku mukuru.
12 Kuko nzobaharira ibibi vyabo
kandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo."8:12 Yeremiya 31:31-34
13 Imana ivuze ko iri sezerano ari "rishasha", bisigura ko yatse agaciro irya mbere; kandi ikimaze gutakaza agaciro kiba kigira kizimangane.