Pular para o conteúdo
Publicidade

Abaheburayo 9

Amaraso ya Kristo

11 Ariko Kristo yaje nk’Umuherezi Mukuru w’ivyiza bisanzwe bihari9:11 Zimwe mu nzandiko za kera zivuga ngo: ivyiza bigiye kuza., yinjira mw’ihema rikuru kandi ritunganye kuruta ayandi. Iryo ntiryubatswe n’amaboko y’abantu, bisigura ko ritari iryo mu vyaremwe. 12 Kristo yinjiye Ahera Cane rimwe rizima, atitwaje amaraso y’impene canke ay’impfizi z’inka yo gutanga nk’ikimazi, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite. Uko ni ko yaturonkeye ugucungurwa kw’ibihe vyose.

Veja também